Ivyiyumviro 8 nyamukuru vyinyegeje inyuma ya Constructionist Learning Lab
Iciyumviro cambere nyamukuru ni kwigira mubikorwa. Kenshi na kenshi twiga neza mugihe twiga ivyo twumva dukunze. Kukaba nkako, twiga neza cane mugihe turiko dukoresha ivyo twize mugukora ikintu dushaka kugerako.
Ikindi ciyumviro cakabiri nuko ubuhinga nk’igikoresho co kwubaka. Mugihe tuzi ko ubuhinga bukoreshwa mugukora ibintu, bisigura ko ushobora gukora ibintu vyinshi kandi bikomeye ukoresheje ubuhinga. Igihe uri kubikora naho, ntiwunguka ukubikora gusa ahubwo kaba ari akaryo ko kwiga vyinshi mubijanye nivyo uriko urakora. Ibi bitahurika cane iyo dufashe akarorero kubijanye nubuhinga bwa none nubuhinga ngurukana bumenyi: mudasobwa zubwoko bwose ndetse niyo dukoresha hano muri laboratoire.
Iciyumviro ca gatatu ni Uburyohe umuntu yaruhiye. Twese twiga neza mugihe twiga ivyo dukunda kandi bituryohera. Ariko ivyo ntibisigura ko kwiga umuntu yiryohera biba vyoroshe. Kuryoherwa neza ni mugihe umuntu aryoherwa yabikoreye. Abo twemera mubijanye n’ubunonotsi bakora ijoro numurango kugira bagere aho bageze unomusi muvyo bakora. Kukaba nkako, umubaji mwiza azwi numwe akunda kubaza, eka numu dandaji mwiza nurya akunda kudandaza.
Iciyumviro cane kane ni kwiga uko biga. Abanyeshure benshi bizera ko umuntu yiga aruko yigishijwe. Iki ninaco kibatuma bananirwa mumashure no mubuzima. Nta muntu numwe ashobora kukwigisha ivyo ushaka kumenya vyose. Nico gituma utegerezwa gufata muntoke ivyo kwiga kwawe.
Iciyumviro ca gatanu ni gufata umwanya—umwanya ukwiriye bivanye nivyo ushaka gukora. Abanyeshure benshi bamenyereye kuguma bumva uwubabwira ivyo bakora uko iminota itanu iheze, canke uko isaha iheze; kora iki, kora kiriya, hanyuma ukurikizeko kirya. Bisigura ko iyo atawuriko arababwira ico bakora, bararambwirwa. Uko siko ubuzima bumeze. Kugira ukore ikintu gikomeye, utegerezwa kumenya uko ukoresha umwanya ubwawe. Iki nicirwa kigorana gusumba ibindi kuri benshi mu banyeshure bacu.
Iciyumviro ca gatandatu ari naco kinini mubindi vyose n’uko udashobora kugishobora kitabanje kukunanira. Ntakintu gikomeye kigenda neza mukanya gato ukigitangura. Uburyo bwiza bwo kugikora neza nukubanza kuraba uko vyagenze mugihe coba warageragejwe bikanka. Kugira ushobore gukora neza ikintu, utegerezwa kwiha uburenganzira bwo kunanirwa mbere na mbere.
Iciyumviro c’indwi nuko natwe dutegerzwa gukora ivyo dusaba kunayeshure bacu gukora. Twese tuguma twiga, umwanya wose. Tuba dufise uburambe nubumenyi buva muvyo twakoze kera bias nivyo turiko turakora ubu, ariko igikorwa cose turangura kirisa. Kenshi na kenshi ntituba tubona neza ikizovamwo muvyo dukora. Kenshi dushiramwo inguvu zose kugira dushike ku mwimbu mwiza; ico twomenya nuko ingorane zose ducamwo ari ibakwe tuba tugiriwe ryo kwiga. Icigwa gikuru twoha abanyeshure bacu ni kubereka uko natwe bitugora mukwiga.
Iciyumviro c’umunani nuko turiko twinjira mw’isi y’ubuhinga bwa none twokwita “digital world” aho kumenya ibijanye nubuhinga bwa none bifise akamaro kanini nko kumenya gusome no kwandika. Vyumvikana rero ko kwiga ibijanye no gukoresha mudasobwa ari ngirakamaro cane ariko bikaba vyiza cane mugihe intumbero nyamukru ibaye kuzikoresha mugihe ca none zidufasha kwiga kubindi vyose.
Vyakuwe
In Stager, G. An Investigation of Constructionism in the Maine Youth Center. Doctoral dissertation. The University of Melbourne. 2006.
[…] Kirundi – Iciyumviro cambere nyamukuru ni kwigira mubikorwa. Kenshi na kenshi twiga neza mugihe twiga ivyo twumva dukunze. Kukaba nkako, twiga neza cane mugihe turiko dukoresha ivyo twize mugukora ikintu dushaka kugerako. (7 more…) […]
[…] German, Kirundi, Kinyarwanda, Italian, Swahili, Portuguese, Catalan, Spanish, Korean, Polish […]
[…] Kirundi – Iciyumviro cambere nyamukuru ni kwigira mubikorwa. Kenshi na kenshi twiga neza mugihe twiga ivyo twumva dukunze. Kukaba nkako, twiga neza cane mugihe turiko dukoresha ivyo twize mugukora ikintu dushaka kugerako. (7 more…) […]